Korea ya Ruguru ntirishura ku biganiro na Amerika

Korea Yepfo yavuze ko itararonka inyishu ya Pyongyang ku biganiro vy'indongozi ya Korea ya Ruguru, Kim Jong-un na Prezida wa Amerika, Donald Trump.

Ku vyatangaje abatari bake, Bwana Trump yaremeye ku munsi wa gatanu ubutumire bwa Korea ya Ruguru bwo kugirana ibiganiro amaso mu yandi.

Ubutegetsi bwa Korea Yepfo bwavuze ko Bwana Kim yoba yiteguye kuvavanura n'umugambi wiwe w'ibigwanisho ruhonyanganda.

Nta makuru arambuye ku bijanye n'ivyo biganiro, nta masezerano kurivyo araba, kuho vyobera, n'icoganigwako.

Ababikurikiranira hafi bafise amakenga kuco bizoshikako, uravye uburemere bw'ibibazo bizigwa.

"Ntiturabona canke ngo turonke inyishu y'ubutegetsi bwa Korea ya Ruguru ku bijanye n'ibiganiro vya Korea ya Ruguru na Amerika," niko umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwunganisha Korea zibiri yavuze ku munsi wa mbere.

"Nibaza ko bariko baritondera kino kibazo, bakaba bakeneye umwanya wo kucitegurira."

Umuhanuzi mukuru wa Prezida wa Korea Yepfo mu vy'umutekano, Chung Eui-yong, yiteze guhura na Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping.

Hagataho, Suh Hoon, arongoye igisata c'iperereza yagiye i Tokyo kubonana n'umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe.

Mu gihe Ubushinwa aribwo bufashe mu mugongo Korea ya Ruguru ku vy'amahera, Ubuyapani nabwo bucuditse na Washington, bukaba bumaze gusotogwa kenshi na Korea ya Ruguru co kimwe na Korea Yepfo.