Ikiyaga Chad kirageramiwe ku buryo habuze gato ngo gikame

Umushikiranganji wa Nigeria ajejwe amasoko y'amazi yasavye ko hagira igikorwa ubu bwa vuba kugira ikiyaga Chad ntigisigare ata n'ima ry'amazi rikirangwamwo.

Sulaiman Adamu yavuze ko bakwiye gukura amazi ahandi handu bakayazana muri ico kiyaga, kiriko kirakama ku ruhande rumwe kubera ihindagurika ry'ikirera.

Kuva mu mwaka w'1960, ikiyaga Chad kimaze kutaza 90 kw'ijana vy'amazi cahorana.

Mu nama ibera muri Nigeria, abashikiranganji bajejwe imigenderanire bariko baraganira ku migambi yo gutabara ikiyaga Chad, harimwo umugambi utoroshe wo kuyoborera muri ico kiyaga amazi yo mu ruzi Congo.

Gukama kw'ico kiyaga biramaze kugira ingaruka ku burimyi n'uburovyi, nayo ibura ry'akazi ririko riratuma umutekano uhungabana.

Ako karere k'ikiyaya c'ikiyaga Chad, niho umugwi w'abarwanyi wa ki Islam, Boko Haram, usanzwe ukorera cane.