Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubushinwa bwipfuza kwongereza ikiringo c'umukuru w'igihugu
Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu c'Ubushinwa wasavye ko ibwirizwa shingiro rihindugwa ngo bifashe umukuru w'igihugu n'icegera ciwe kuguma ku butegetsi ku biringo birenga bibiri.
Ikinyamakuru c'igihugu cavuze ko iyo nteguro yo guhindura ibwirizwa shingiro, yagaragajwe ku munsi wa Mungu.
Muri kino gihe, abarongora igihugu ntibashobora kurenza ibiringo bibiri vy'imyaka itanu kimwe.
Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping, yitezwe gukinjura mu mabanga arimwo mu 2022, naho binugwanugwa ko ashobora gukora ukwo ashoboye ngo agume ari perezida mu gihe ataranashikiriza n'uwo musubirira.
(Bwana Xi yashize ubutegetsi ahanini mu minwe y'igisirikare, akagenzura itangazamakuru n'utugambwe dutoduto turi mu butegetsi, bigatuma benshi babona ko ariwe mutegetsi akomeye inyuma y'uwatanguje umugambwe w'abakomunista, Mao Zedong.)