Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ONU isaba agahengwe ngo imbabare zigarukirwe muri Syria
Umutegetsi akomeye mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yasavye ibihugu vy'ibihangange bifise inteko mu ngwano ya Syria gukoresha ububasha bwavyo ngo haboneke agahengwe.
Jan Egeland yavuze kw'ibihugu vy' Uburusiya, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Irani na Turukiya bifise uruhara muri ico gikorwa.
Bwana Egeland avuga ko ingwano yo kwomora inyeshamba mu buseruko bwa Ghouta, ataho ihuriye n'iyabaye mu karere ka Aleppo.
Avuga ko abantu hafi ibihumbi amajana ane bakeneye imfashanyo yihuta, amajana nabo bakaba bakeneye kwimurigwa mu tundi duce bitewe nuko amavuriro yabomowe.
Umuganga wo mu buseruko bwa Ghouta yabwiye BBC ko abasivile bapfa bashika ijana ku munsi, kuva igihe inteko zishigikiwe na leta zongereje ibitero vya bombe ku munsi wa Mungu.