Impunzi z'abanye Congo zababa 6.000 zahungiye mu Burundi

Impunzi zihunga imirwano muri Kongo zabandanije guhungira mu Burundi uno munsi
Insiguro y'isanamu, Impunzi zihunga imirwano muri Kongo zabandanije guhungira mu Burundi uno munsi

Muri izo mpunzi ababa ibihumbi bine bahungiye mu ntara ya rumonge mu gihe abandi basigaye babarizwa mu ntara ya Makamba iri mu bumanuko bw'Uburundi.

Harimwo abarundi, hari abanye Congo bahunze ariko batavuka za Baraka, Fizi na Ubwari hariko haraba intureka muri iki gihe kuko bari basanzwe bagiyeyo ku mirimo itandukanye.

Abo rero nibo bagira bati turonse inzira yo gusubira iwacu za Uvira n'ahandi twotaha.

Izo mpunzi zivuga ko zihunga imirwano hagati y'abasirikare ba Kongo n'aba Mai Mai
Insiguro y'isanamu, Izo mpunzi zivuga ko zihunga imirwano hagati y'abasirikare ba Kongo n'aba Mai Mai

Abo bahava bajanwa mu Gatumba ku rubibe Congo ihana n'Uburundi hegereye iwabo kugira batahe biciye mu nzira izwi.

Abava ahari intureka bo bashaka kuguma aho mu Rumonge.

Izo mpunzi zivuga ko zihunga imigwano iriko iraba hagati y'abagwanyi b'aba Mai Mai n'igisirikare ca reta.

Insiguro y'amajwi, Impunzi z'Abanyekongo mu Burundi: Prime Ndikumagenge yashitse mu Rumonge

Ishami rya Onu rijejwe impunzi kw'isi HCR ryamaze gushika mu Runonge kugira ritangure igikorwa co kwungururiza abo ba Kongomani mu makambi y'agateganyo.

Imodokari zunguruza abantu ry'ishirahamwe Otraco bashobora kugendamwo zamaze gushika ku kivuko ca Rumonge.