Impunzi z'abanye Congo zababa 6.000 zahungiye mu Burundi

Muri izo mpunzi ababa ibihumbi bine bahungiye mu ntara ya rumonge mu gihe abandi basigaye babarizwa mu ntara ya Makamba iri mu bumanuko bw'Uburundi.
Harimwo abarundi, hari abanye Congo bahunze ariko batavuka za Baraka, Fizi na Ubwari hariko haraba intureka muri iki gihe kuko bari basanzwe bagiyeyo ku mirimo itandukanye.
Abo rero nibo bagira bati turonse inzira yo gusubira iwacu za Uvira n'ahandi twotaha.

Abo bahava bajanwa mu Gatumba ku rubibe Congo ihana n'Uburundi hegereye iwabo kugira batahe biciye mu nzira izwi.
Abava ahari intureka bo bashaka kuguma aho mu Rumonge.
Izo mpunzi zivuga ko zihunga imigwano iriko iraba hagati y'abagwanyi b'aba Mai Mai n'igisirikare ca reta.
Ishami rya Onu rijejwe impunzi kw'isi HCR ryamaze gushika mu Runonge kugira ritangure igikorwa co kwungururiza abo ba Kongomani mu makambi y'agateganyo.
Imodokari zunguruza abantu ry'ishirahamwe Otraco bashobora kugendamwo zamaze gushika ku kivuko ca Rumonge.











