Mnangagwa yarongoye ikoraniro kaminuza rya Zanu-PF

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Zimbabwe, Zanu-PF uri mw'ikoraniro kaminuza ritunganywa ku mwaka ku mugwa mukuru Harare, irya mbere kuva aho Emmerson Mnangagwa asubiriye Robert Mugabe mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Ikinyamakuru ca leta "The Herald" cavuze ko abantu hafi 8000 bategekanywa kwitaba ivyo bikogwa vy'iminsi itatu.

Hagataho uwahora arongora igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, abantu bamurabutswe mu gihugu ca Singapour avuye mu bitaro inyuma yaho akuriwe ku butegetsi n'igisirikare.