Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amabi mu cegeranyo kw'ikubagurwa ry'abana muri Australia
Abagize amatohoza ku gusambanya ku nguvu muri Australia bashize ahabona icegeranyo ca nyuma, bavuga ko inzego za reta "zananiwe bikomeye" gukingira abana.
Akanama kajejwe gukora ayo matohoza, 'The royal commision' , urwego rukomeye rukora amatohoza, rwumvirije abantu barenga 8.000 bakorewe ayo mabi.
Abagirizwa harimwo amashengero, amashure hamwe n'imigwi y'abinonora imitsi mu myaka irenga mirongo ibiri.
Mubisabwa birenga 400, ico cegeranyo gihamagarira ishenegero gusubiramwo kwihweza amategeko agenga ukudashinga urwabo ku bapatiri.
"Abana ibihumbi n'ibihumbi barasabanijwe ku nguvu mu burongozi bwinshi muri Australia. Ntituzopfa tumenye igitigiri nyaco," ni ko ico cegeranyo kibivuga.
Kuva mu 2013, ako kanama gahsinzwe kugira amatohoza kashikirije ubutegetsi bubishinzwe abantu barenga 2.500.
Ico cegeranyo ca nyuma cashizwe ahabona kuri uyu wa gatnu, congeyeko ibisabwa 189 kubisanzwe vyarasabwe ubwa mbere bishika 220 kandi vyamaze gushirwa ahabona.
Ivyasabwe ubu bigiye kwihwezwa n'inzego zijejwe amategeko.
Umushikiranganji wa mbere Malcolm Turnbull yavuze ko " akaga ku gihugu" kashizwe ahagaragara.