Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igihe co guta amaplastike aho ushatse hose kigiye guhera
Ibihugu birenga amajana abiri vyari mu nama ishigikiwe na ONU yabera muri Kenya bivuga ko igihe co gutagaguza amaplastike aho ubonye hose kigiye kurangira.
Bashize umukono ku rwandiko ruvuga ko ingeso yo guta ibivuye muri plastike vyose mu biyaga vyo kw'isi igomba guhebwa.
Abahinga mu bumenyi ariko ntibashimye kuba hatashizweko ikirangaminsi canke urugero rwo kugabanya ayo maplastike, vyokwubahirizwa n'ibihugu vyose kugira uwo mugambi ushikweko.
Ariko abashikiraganji bajejwe ibidukikije bavuze ko iyi ngingo ari akataraboneka ngo kuko yereka amaleta, inganda hamwe n'abanyagihugu ko hageze ko ibintu bihinduka.
Amatoni imiriyoni umunani ya plastike niyo atabwa mu biyaga vyo kw'isi buri mwaka.