Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zimbabwe ngo igiye gutangura ibihe bishasha vya Demokarasi
Emmerson Mnangagwa agiye kurahira kuyobora Zimbabwe ku munsi wa gatanu, yavuze ko ico gihugu kigiye kubona ibihe bisha vya Demokarasi.
Emmerson Mnangagwa yashikirije ijambo abanyagihugu isinzi bari bamutegereje ku cicaro gikuru c'umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF, igihe yatahuka ava muri Afrika y'epfo.
Yavuze ko Zimbabwe ikeneye ubuzi no gufatwa mu mugongo n'amakungu.
Mu gihe yashikiriza ijambo, bwana Mnangagwa yateye ivyivugo vy'igihe co guharanira ukwikura, ashimira abasirikare bamuhagarariye igihe yari yirukanywe na Robert Mugabe.
Yabakengurukiye kubona barashoboye kwivyitwaramwo neza mu mahoro.
Bwana Mugabe yatwaye Zimbabwe kuva cikukira, yaraye atanze imihoho kuri uyu wa kabiri.
Mnangagwa yaje kwitegurira kurahira ku munsi wa gatanu, yavuze ko yari yahungiye muri Afrika y'epfo kuko ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe.