Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mugabe yabonetse ubwa mbere inyuma yo gufungwa icamaso
Prezida Robert Mugabe yasohotse araja ubwa mbere mu banyagihugu inyuma yaho igisirikare ca Zimbabwe gifatiye uburongozi bw'igihugu ku munsi wa gatatu mu gitondo.
Abamubonye, Bwana Mugabe ngo yariko atambuka buhoro buhoro ku mukeka utukura (tapis rouge) yambaye impuzu n'inkofero bigenewe ibirori vyo kurangiza amashuli ya kaminuza, aca aja mu mikangara yaririmba ururirimbo rwo guhayagiza igihugu, nkuko amakuru yashikiriye BBC avuga.
Ivyo ni ibintu Mugabe akunze gukora kira mwaka ariko ni bake bari bavyiteze inyuma yaho igisirikare kimufungiye mu nzu icamaso ku munsi wa gatatu.
Abasirikare b'ipete ryo hejuru bari mu biganiro na Mugabe ku bijanye n'ingene yosubiza ubutegetsi, uruhagarara ruri mu gihugu rukarangira.
Mu mwanya wahera igisirikare cari camenyesheje ko ibiganiro barimwo vyagize intambwe iboneka mu guhiga inkozi z'ikibi zikorana na Mugabe.
Ababikurikiranira hafi bemeza ko uwo mugabo w'imyaka 93 agifise icizere co kuguma ku butegetsi.
Mw'itangazo ryaciye kuri televiziyo, igisirikare cavuze ko gitegekanya gushikiriza igihugu icavuye mu biganiro kidatevye.