Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump na Putin "bumvikanye ku kunesha abarwanyi ba IS"
Uburusiya buvuga ko abakuru b'ibihugu Donald Trump na Vladimir Putin bumvikanye kubandaniriza hamwe utwigora two kunesha umugwi Islamic State.
Gushika ubu ariko uruhande rwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntaco ruravuga kuri ivyo vyatangajwe n'Uburusiya.
Ibiro vy'umukuru w'Uburusiya bivuga ko abo bakuru b'ibihugu bombi babonanye umwanya muto mu mpande z'inama y'ibihugu vyo mu runani Asiziya-Pasifike ibera muri Vietnam.
Urwandiko basohoreye hamwe ruhimiriza impande zirwana muri Syria kuja mu biganiro vy'amahoro, rukanemanga ko ibi bihugu vyombi bizokwubahiriza ubwigenge hamwe n'ubutaka bwa Syria.