Ikibuga c'indege ca Zimbabwe citiriwe Mugabe

Ikibuga c'indege "Harare International Airport" c'igihugu ca Zimbabwe cahinduwe izina ubu kikaba kigiye kwitwa Robert Gabriel Mugabe, izina ry'uwurongoye ico gihugu igihe kirekire.

Perezida Mugabe n'umutambukanyi wiwe nibo bafukuye ibati ryanditswekw'izina ryiwe mu birori vyafashe umwanya muto.

Ukwo guhindura izina biri mu bikogwa bimaze iminsi bitunganywa na leta mu ntumbero yo gutera iteka uwo mugabo yashikanye igihugu ku ntahe yo kwikukira.

Abanya Zimbabwe ntibakiriye kumwe ihindugwa ry'izina ry'ico kibuga.

Abo mu migambwe igwanya ubutegetsi bavuga kwari ugutukisha igihugu mu gihe Zimbabwe yigeze kuba arico gihugu gikomeye mu vy'indege mu karere ka Afrika y'ubumanuko.

Bavuga ko politike ya Mugabe ku vy'ubutunzi ariyo yatumye ikibuga c'indege cari gikomeye cane aho ha mbere, gisubir'inyuma.

Perezida Mugabe yashimiye leta ku ruhande rw'umuryango wiwe.