Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump agiye kuva mu masezerano ya Irani ku bigwanisho vya "nucléaire"
Prezida wa Amerika Donald Trump ariko aritegura gusezerera ubu bwa vuba amasezerano igihugu ciwe capfunditse na Irani ku mugambi w'ico gihugu mu vya "nucléaire", nkuko ibinyamakuru vya Amerika bivuga.
Atemeje ayo masezerano, inama nshingamateka ishobora guca ifata ingingo yo kugumiza ibihano vy'ubutunzi kuri Irani.
Bwana Trump afise gushika itariki 15 ukwezi kw'icumi ngo abe yafashe ingingo.
Ukwiyamiriza ayo masezerano vyari mu vyo yashira imbere igihe yiyamamaza mu mwaka uheze.