Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Abashaka gusenya Nigeria ntibazoshobora', Buhari
Perezida wa Nigeria Muhammadu Buhari yaneguye abashaka ubwingenge bw'intara ya Biafra, avuga ko bashaka 'gutabagura igihugu', kandi batazokwigera bavyemeregwa.
Imvukira zo mu karere ka Biafra ziri mu muhari wo kurondera ubwingenge bw'iyo ntara y'ubumanuko bushira ubuseruko bashaka ko kiyonkora ku gihugu ca Nigeria.
Bwana Buhari avuga ko yarwanye intambara ya Biafra mu myaka 50 iheze, kandi ko abo bifuza ko ako karere kiyonkora ari bato cane ku buryo batibuka ingaruka mbi z'ico kibazo.
Ariko rero yemeye ko bamwe mu banyagihugu baho bari bafise impamvu zumvikana z'ivyo baharanira.
Yibukije ko ruswa arico kibazo gikomereye Nigeria kurusha ibindi muri kino gihe.