Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuhindi: Umusunikano ku gituro wishe 22 i Mumbai
Umusunikano ku gituro ca gariyamoshi i Mumbai mu gihugu c'Ubuhindi cishe abantu 22 mu gitondo, ukomeretsa abandi 30, nkuko ubutegetsi buvuga.
Iryo sanganya ryabereye Elphinstone, igituro abaja mu duce tubiri dukomeye tw'igisagara barindirirako, ryatewe nuko hari isinzi ry'abantu, n'imvura iriko iragwa.
Abakomeretse batwawe ku bitaro biri hafi, abarongoye igisata co kwunguruza abantu na gariyamoshi bakaba bashitse muri ico kibanza.
Uwo musunikano wabereye ku kiraro c'abaja ku gituro n'amaguru.
Umuvugizi w'abagenzura ukwunguruza abantu na gariyamoshi, Anil Saxena, yabwiye abamenyeshamakuru kw'ico kiraro gisakaye cahuriyeko abantu bavuye ku gituro n'abajayo bipfuza kwikinga imvura.