Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 20 bapfuye bagonzwe n'ikamyo mu Buhindi
Niburiburi abantu 20 bapfuye ikamyo yinjiye mu mugwi w'abarimyi bari biteguye gukora imyiyerekano i Andhra Pradesh mu bumanuko bw'Ubuhindi.
Abo barimyi bari ku biro vy'igipolisi co muri komine ya Chittoor biyamiriza abacukura umusenyi bidaciye mu mategeko.
Igipolisi kivuga ko umushoferi w'iyo modoka yananiwe gutumbereza imodoka, ariko ababa muri ako karere bavuze ko yinjiye muri abo bantu ku gushaka.
Ubutegetsi bwasavye ko hokogwa amatohoza.
Ivyabona vyabwiye umumenyeshamakuru wa BBC y'igihindi, Omer Farooq, ko iyo modoka yiruka cane, igonga ubwa mbere iyindi modoka, munyuma igiti c'intsinga z'amatara imbere yuko yinjira muri abo barimyi.
Ubutegetsi buvuga ko abantu benshi bakomeretse, baca bajanwa kuvugwa mu bitaro.