Umunyepalestine yishe abanye Israel batatu n'inkoho muri West Bank

Ahavuye isanamu, Reuters
Abanye Israel batatu bishwe barashwe n'umuny Palestine ku muryango w'akarere abayahudi bigaruriye ka West Bank, nk'uko bivugwa n'igipolisi ca Israel.
Uwo mugabo yari yitwaje inkoho w'imyaka 37 ava mu kigwati kihegereye, na we yaciye araswa.
Igipolisi kivuga ko yasokoroye inkoho igihe yari arindiriye kwinjira Har Adar ari kumwe n'abakozi b'abanye Palestine aca arasa abapolisi n'abajejwe umutekano muri ako karere.
Ni kimwe mu bitero bimaze imisi ku banye Israel, bikorwa ahanini n'abanye Palestine canke abarabu b'abanye Israel kuva mu 2015.
Nta mugwi n'umwe uriyitirira ico gitero, n'aho imihari w'abanye Palestine ifise icicaro i Gaza, Hamas na Islam Jihad wakiriye neza inkuru z'ico gitero.
Uwo mugabo yitwaje inkoho yari afise abana bane, akaba yari afise uruhusha rwo gukora muri ako karere kigaruriwe n'abayahudi kari mu kabande ka West Bank, nk'uko bivugwa n'ibiro bijejwe umutekano mu gihugu.
Ava mu kigwati ca Beit Surik, hafi ya Har Adar.
Ako gace kari nko ku birometero 18 mu buraruko bushira uburengero bwa Jerusalem.

Ahavuye isanamu, Israeli Police
Igipolisi kivuga ko uwo yagize ico gitero yarashe yegereye cane abo yishe.
Uwundi muntu umwe yakomeretse cane.
Amazina y'abanye Israel bishwe ntarashirwa ahabona.
Abanye Palestine boba bashika 36.000 ni bo bafise impusha zo gukora mu turere abayahudi bigaruriye, hacungerewe cane n'abajejwe umutekano.










