Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Malariya ikomeye cane mu bumanuko bwa Asia
Malariya ikomeye cane bise "super malaria" yibonekeje mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Asia, iteye amakenga amakungu, niko abahinga bagabisha.
Ino malariya nshasha ntishobora kwicwa n'ibinini biriho bigwanya malariya.
Yatanguriye mu gihugu ca Cambodge, munyuma itandukira uduce twa Thailande, Laos, muri kino gihe ikaba igeze mu bumanuko bwa Vietnam.
Umugwi wo mu kigo "Oxford Tropical Medicine Research Unit" i Bangkok uvuga ko hari ingorane zuko iyo malariya ishobora kutavugwa.
Prof Arjen Dondorp, arongoye uwo mugwi yabwiye BBC ari: "Twibaza ko iyo malaria ibangamiye amakungu.
"Biteye amakenga ko buno bwoko bushobora gutandukira ningoga akarere kose, tukagira ubwoba ko bushobora kujabuka no muri Afrika."