Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zanzibar: Abakundana basangiye igitsina b'abagabo bafashwe
Abagabo 20 bafashwe kw'izinga ryigenga rya Zanzibar muri Tanzaniya, bagirizwa gukundana basangiye igitsina.
Igipolisi kivuga ko bafatiwe mw'ihoteri aho bariko barahabwa inyigisho zijanye n'umugera hamwe n'ingwara ya Sida.
Igipolisi kibagiriza gukwiragiza ingeso y'ubuhumbu bw'abasangiye ibitsina, kandi bibujijwe muri Tanzaniya.
Kurangura amabanga y'abasangiye igitsina bihanwa gushika ku gipfungo c'imyaka 30.
Mu ntango y'uno mwaka, ubutegetsi bwarugaye amavuriro bwinshi bufasha ku vy'umugera n'ingwara ya Sida, busigura ko ashigikiye imibonano y'abasangiye ibitsina.