Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Onu isaba kwihutisha imfashanyo ku mpunzi za Rohingya
Umukozi mukuru wa Onu yavuze ko amashirahamwe y'abatabazi akwiye kugwiza ibikorwa vyo guhangana n'urugwirirane rw'impunzi z'aba Rohingya muri kino gihe zababa 400.000 zishika i Bangladesh zihunze ubwicanyi bw'i Myanmar.
Mu rugendo mw'ikambi y'impunzi i Bangladesh, George William Okoth-Obbo, akora muri UNHCR, yavuze ko amahera akenewe mu gufasha impunzi yiyongeye.
Onu yasavye imiliyoni z'amadolari 77 ngo ihangane n'ico kibazo ariko uwo mukozi akaba yavuze ko ayo mahera yari ajanye n'ingene ikibazo cari cifashe mu ndwi zibiri zahera, ko muri kino gihe igitigiri c'impunzi cikuvye kane.
(Onu ivuga ko gushika ubu impunzi zikijabuka urubibe zirondera gutekanigwa mu gihugu ca Bangladesh).