Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Raila Odinga yemeye kwongera guhiganwa mu matora ya Kenya
Kizigenza mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Kenya Raila Odinga, yemeza ko azokongera guhiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kuza.
Bwana Odinga yari yavuze ko ashobora kwanka kwitabira isubirwamwo ry'amatora y'umukuru w'igihugu ya Kenya, kiretse habaye amahinduka akomeye mu mugwi ujejwe kuyatunganya.
Mu ntango z'uku kwezi kw'icenda, sentare ntahinyuzwa ya Kenya yimye agaciro ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kw'umunani, aho Uhuru Kenyatta ari ku butegetsi yari yavuzwe ko ariwe yatahukanye intsinzi.
Sentare ntahinyuzwa yavuze ko ayo matora yagiyemwo utunenge.
Raila Odinga yavuze ko yatsinzwe kubera amamashini yakoreshwa n'umugwi ujejwe gutunganya amatora yavogerewe.