Kenya: Sentare Ntahinyuzwa yasavye ko amatora asubirwamwo

Sentare Ntahinyuzwa ya Kenya yavuze ko amatora y'umukuru w'igihugu aheruka yafuswe, ko ari impfagusa mu kuba yakozwe hatisunzwe ibwirizwa shingiro.
Ivuga ko hari amakosa menshi yakozwe atuma amatora y'umukuru w'igihugu atawoyizera.
Uwurongoye igisata c'ubutungane (Chief Justice), David Maraga, yavuze ko akanama kajejwe amatora katashoboye gutunganya amatora kisunze amategeko ya Kenya.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Imigambwe itavuga rumewe n'ubutegetsi irongowe na Raila Odinga mu runani NASA yagumye iyiyamiriza, ivuga ko yaranzwemwo ubusuma.
Sentare Ntahinyuzwa yavuze ko hagiye gutunganywa ayandi matora mu kiringo c'iminsi 60.






