Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Sentare Ntahinyuzwa yasavye ko amatora asubirwamwo
Sentare Ntahinyuzwa ya Kenya yavuze ko amatora y'umukuru w'igihugu aheruka yafuswe, ko ari impfagusa mu kuba yakozwe hatisunzwe ibwirizwa shingiro.
Ivuga ko hari amakosa menshi yakozwe atuma amatora y'umukuru w'igihugu atawoyizera.
Uwurongoye igisata c'ubutungane (Chief Justice), David Maraga, yavuze ko akanama kajejwe amatora katashoboye gutunganya amatora kisunze amategeko ya Kenya.
Imigambwe itavuga rumewe n'ubutegetsi irongowe na Raila Odinga mu runani NASA yagumye iyiyamiriza, ivuga ko yaranzwemwo ubusuma.
Abacamanza bane kuri batandatu bavuze ko ayo matora ari impfagusa, ko Kenya itegerezwa gutunganya ayandi mu kiringo c'iminsi 60.
Umukuru w'urunani NASA rwiyamirije ivyatangajwe ko vyavuye mu matora, Raila Odinga, yavuze ko abagize akanama kajejwe amatora bakoze amabi agayitse, ko bahemukiye abanyagihugu ba Kenya, ko bakwiye gupfungwa.
Ako kanama kari katangaje ko Uhuru Kenyatta, w'urunani Jubilee, ariwe yatsinze arushije Raila amajwi umuliyoni 1.4.