Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imfashanyo ku basinzikajwe n'umwuzure i Texas
Prezida Donald Trump yemeye gukora uko ashoboye mu guha imfashanyo amareta yahuye n'akaga k'igihuhusi ca Harvey.
Hagiye gusabwa imfashanyo y'imiriyaridi n'imiriyaridi ariko ikazobanza kwemezwa n'inama nshingamateka.
Avugira mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington, prezida Trump yavuze ko gusubira gutora akajisho ku bantu bakozweko n'ico gihuhusi bizofata umwanya muremure kandi ko bitoroshe.
Trump uyu musi araja mu ntara ya Texas, intara yasinzikaye cane- kugira yirabire ivyahononekariye.
Imvura itari bwigere iboneka yaraguye mu gisagara ca Houston, hakaba hitezwe n'iyindi nyinshi muri iyi misi iri imbere.
Prezida Trump yamenyesheje ibihe bidasanzwe mu ntara ya Louisiana na yo nyene igeramiwe n'umwuzure.