Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bercelone yitwariye Neymar kubera yimukiye muri PSG
Umugwi wa Barcelone wavuze ko witwariye uwahora awukinira Neymar ngo arihe imiliyoni amahera 7.8 z'amapawundi kubera ingingo yafashe yo kwimukira mu mugwi wa PSG wo mu Bufaransa.
Uwo mukinyi mpuzamakungu wa Brezil yaguzwe amahera atari bwigere aboneka, imiliyoni 200 z'amapawundi n'umugwi wa PSG wo mu Bufaransa, mu kwezi kw'umunani.
Ubu Barcelone isaba ko asubiza amahera y'utundi turusho yakiriye inyuma yo gushira umukono kuri ayo masezerano y'imyaka itanu.
"Umugwi ushaka asubize ayo mahera y'utwo turusho kuko atarangije ayo masezerano y'imyaka itanu", ni ko babimenyesheje mu nkuru batanze.
Uretse ayo mahera ashika ku miliyoni 8.5 y'ama euro, uwo mugwi kandi ushaka ko urihwa ibice cumi kw'ijana vy'ayo mahera kubera bacerewe kuyariha.
Iyo nkuru ibandanya ivuga: Barcelone kandi isaba PSG kuriha ayo mahera mu gihe uwo mukinyi yoba adashoboye kuyariha.
Kubera kwimukira muri PSG, Barcelone yavuze ko ibaye iragumije amahera agera ku miliyoni y'ama euro y'uturusho uwo mukinyi yotegerejwe kuronka.