US yamenyesheje ko ishobora gutera Korea ya Ruguru

Prezida Donald Trump yavuze ko ibigwanisho vya "nucléaire" igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika (US) kigezeko ko bikomeye cane ku bindi bihe vyose vy'ico gihugu.

Mu butumwa yacishije kuri Twitter, Bwana Trump avuga ko yizeye ko Amerika itazokenera gukoresha ubwo bushobozi.

Ayo makuru ya Prezida ashikirijwe mu gihe Korea ya Ruguru iriko irondera gutera "missile" mu gace ka Guam ku butaka bwa US, mu burengero bw'ibahari ya Pacifique.

Ku munsi wa kabiri, Bwana Trump yavuze ko ibindi bikorwa vyo kugerageza ibigwanisho vya Korea ya Ruguru bizokwishuzwa umuriro, ishavu hamwe n'ububasha.

Umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika Rex Tillerson yavuze ko ata terabwoba riboneka riva muri Korea ya Ruguru ariko ko Prezida yipfuza kurungikira ubutumwa Pyongyang mu rurimi yiyumvira ko uwurongoye ico gihugu yotegera kurusha.

(Ubushinwa, Ubufaransa hamwe n'Ubudagi basavye bashimitse impande zose gutekana, bagabisha ku majambo ashobora gutuma haduka indyane.)