Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika Yepfo: Zuma yasimvye imanga
Prezida Jacob Zuma wa Afrika Yepfo yasimvye imanga y'abashaka kumukurako icizere ku ncuro y'umunani, naho amatora yakorewe mw'ibanga.
Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yari yizeye ko ayo matora akorewe mw'ibanga yari gutuma abashingamateka bo mu mugambwe uri ku butegetsi "African National Congress" (ANC) baja ku ruhande rwabo bakitandukanya n'umukuru w'igihugu.
Ayo matora yahamagajwe kubera ibirego vyagumye bivugwa vyerekeye ibiturire, ntiyashitse ku ntego, abashingamateka 198 bakaba bavyiyamirije kuri 177 bari bashigikiye ko akugwako icizere.
Iyo nkuru nziza yakiranywe akanyamuneza n'abashingamateka ba ANC bariko bararirimba.
Kugira amatora yo kumukurako icizere ashike ku ntego, niburiburi abashingamateka 50 ba ANC nibo bari bakwiye gutora bitandukanya n'umukuru w'igihugu.