Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Côte d'Ivoire: Ouattara yahinduye bamwe mu bagize leta
Umukuru w'igihugu ca Côte d'Ivoire, Alassane Ouattara yahinduye abari mu bibanza bikomeye vy'ubutegetsi, umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe n'uw'intwaro yo hagati.
Umwe mu bacuditse na Bwana Ouattara, Hamed Bakayoko, yakuwe mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati, ahabwa amabanga yo kurongora ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Côte d'Ivoire yararanzwemwo imigumuko y'abasirikare mu mezi yahera, abahora mu migwi y'inyeshamba basaba udushirukabute, bishuza n'imishahara.
Ku munsi wa gatanu, niburiburi abasirikare batatu bararashwe barapfa mu migumuko yabaye kw'ikambi ya gisirikare iri mu buraruko bw'igihugu.