Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umudagikazi yafashwe "akorana" na IS i Mosul?
Abashikirizamanza b'Ubudagi bariko barahinyuza amakuru avuga ko umwana w'umukobwa w'imyaka 16 yoba yafatiwe mu gisagara ca Mosul muri Iraki yikekwa gukorana n'umugwi wa leta y'iki Islamu, Islamic State (IS).
Ku mafoto ariko araca ku mbuga hwaniro ubona umukobwa akiri muto akikujwe n'inteko z'umutekano za Iraki, inyuma yaho bamusangiye mu bibomoka vya Mosul, umugwi IS utsinzwe ukomogwa.
Abashikirizamanza bavuga ko bariko bakora itohoza ngo bamenye niba uwo mukobwa yoba ari uwabuzwe irengero ku rugo rwo mu Budagi, haraheze umwaka umwe.
Uwo mukobwa yarikekwa ko afitaniye imigenderanire n'uwo mugwi w'abagwanyi.