Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kafando: Inyishu y'ikibazo c'u Burundi yoboneka
Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi,Michel Kafando, ifise icizere kw'ikibazo c'u Burundi gishobora gutoregwa umuti.
Bwana Kafando yarangije urugendo mu Burundi rwo kubonana n'abafise uruhara rw'imbere mu buzima bw'igihugu.
Amakungu asa n'ayariko aravyura akariro ku biganiro hagati ya leta y'uburundi n'abatavuga rume nayo, ibiganiro bisa n'ivyaryamye kuva umuhuza w'akarere Bennjamin Mkapa ananiwe no gushika ku masezerano mu mpera z'ukwezi guheze nk'uko yari yavyiyemeje.
Michel Kafando yari amaze indwi yose abonana n'abanyepolitike, abarongoye amashirahamwe adaharinra inyungu za poloitike, abarongoye amadini , hamwe n'abaserukira ibihugu vyabo naho mu Burundi.
Mu rugendo rwa mbere mu mpera z'ukwezi guheze ho yari yabonanye n'abarongoye igihugu.
Uretse umunsi yobanana n'umuhuza w'abarundi aho yavuze ko bateranye intege ko mabanga bajejwe, Michel Kafando muri iyo mibonano imaze indwi yose, ntaco yigeze ashikiriza icese ku buryo yagenze n'icayivuyemwo.
Gusa, urwo rugendo rurangiye ibiro vyiwe vyasohoye itangazo aho bivuga ko yasanze impande zose bavuganye zitumbereye inzira nziza mbere ngo akaba afise icizere c'uko ikibazo kiri mu Burundi gishobora gutora inyisshu biciye mu biganiro vyoba vyuguririwe bose mu buryo bwose bushoboka.
Inyuma y'urugendo rwa mbere mu Burundi Kafando yaciye aja Dar es Salaam kubonana na Benjamin Makapa umuhuza mu biuganur9o0 vy'abarundi, yongera aja Addis Abeba ku cicaro c'ishirahamwe ra Africa rishigikiye ivyo biganiro.
Itangazo rivuga ko intambwe ikurikira ari uko Michel Kafando azoca aja kubwira inma ya ONU ijejwe umutekano ingene yasanze ikibazo cifashe, ivyo bikaba bitegekanijwe itariki 26 uku kwezi aho azoba ari kumwe n'umuhuza Benjamin Mkapa.
Michel Kafando ariko aragerageza aho abatari bake bananiriwe. Leta y'uburundi imaze igihe yiyamiriza ingingo ONU ifatira Uburundi harimwo irungikwa ry'inteko z'abapolisi hamwe n'umurwi npuzamakungu zo gutuhoza amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa kane mu 2015.
Eka na Benjamin Mkapa yari yiyemeje kurangiza ibiganiro mu mpera z'ukwezi guheze ntiyabishikako.