Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingabo za Iraq zakomvomvoye udusigarira tw'ibirindiro vya IS muri Mosul
Hitezwe mu kanya itangazo rya leta ya Iraq ryo kwemeza ku mugaragaro ko umuji wa Mosul wakuwe burundu mu minwe y'umugwi IS inyuma y'amezi icenda yari aheze uberamwo intambara.
N'ubwo bivugwa ko umuji wa Mosul wabohojwe, abanyamakuru bariyo bamenyesha ko hacumvikana urwamo rw'inkoho rimwe na rimwe.
Ingabo za Iraq zamye zigina intsinzi mu mabarabara akigaragaramwo ibimenyetso vy'ivyasambuwe, aho abanyagihugu basokoroka bava mu nyubakwa zabomaguritse.
IS yari yafashe Mosul kuva mu 2014, imbere yo gukwira no mu tundi turere twa Iraq turwiriyemwo aba Sunni ikahashinga leta yise ya 'Caliphate' yahavuye yaguka ikagera no mu gihugu kibanyi ca Syria.