Burundi: Inama ya EAC yize zimwe mu ngorane zugarije umuryango

Mu Burundi harangiye inama y'ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko, EAC, aho abayitavye bigira hamwe ibibazo vyugarije ako karere birimwo ivy'inzaran'ivy' ihindagurika ry'ibihe.

Ikindi cizwe muri iyo nama n'icerekeye akazi, abanyamuryango basaba gukorera mu gihugu icarico cose c'uwo muryango.

Bamwe mu bari muri iyo nama basanga imbere yo kwiga ikibazo c'inzara muri Afrika y'ubuseruko, bikenewe ko hobanza gutoregwa umuti ic'amatongo.

Kuri ico kibazo, umunyamabanga mukuru w'umuryango w'ibihugu vya EAC, Libérât Mpfumukeko, avuga ko ivyasabwe muri ico gisata bagiye kuraba ingene vyoja mu ngiro.

Icagaragaye ni uko benshi mubitavye iyo inama ari abo mu gisata c'abikorera utwabo.

Urunani rw'amashirahamwe adaharanira inyungu za Politike yo mu karere, EACSOF, ntirwitavye ibikorwa, rusigura ko mu burundi ata mutekano ukwiye uhari.

Ikindi, rwari rwasavye ko inama yobera mu kindi gihugu kugira amashirahamwe y'abarundi ari mu buhungiro ashobore kiwtaba.

Igihugu ca Soudan y'epfo ntawagiserukiye. Tanzaniya yaserukiwe n'abantu batatu, mu gihe urwanda haje umwe gusa.

Rose Kabusingye ni umunyarwandakazi umwe yitavye iyo nama. Yipfuza ko abanyagihugu b'uburundi n'abanyarwanda boshira imbere urukundo.

Inama y'umunyamabanga mukuru wa EAC iba buri mwaka. Mumwaka uheze yabereye muri Tanzania.