Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuriro wahitanye abantu barenga 60 muri Portugal
Abategetsi bo muri Portugal baravuga ko umuriro w'ishyamba wahitanye abantu barenga 60 hafi ya Coimbra.
Benshi bapfuye igihe bageragezaga guhunga akarere ka Petrogao Grande kari ku birometero 50 uvuye i Coimbra.
Leta iravuga ko bahungaga bari mu modoka zabo.
Abatabazi bazimya umuriro bari mu bantu 59 bakomeretse.
Ministri w'intebe Antonio Costa yavuze ko uyu ari umuriro w'agasozi ukaze kurusha iyindi Portugal yahuye nayo mu myaka mike ishize.
Umubare w'abahitanywe n'iyi nkongi y'umuriro ushobora kwiyongera.
Ibitangazamakuru byo muri Portugal biravuga ko kuzimya uyu muriro bitari hafi nubwo bwose hafi abazimya umuriro 600 bari mu gikorwa cyo kugerageza kuwuhagarika.