Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Isatura yishe uwuyikurikirana mu ruhongore rwa Kagera mu Rwanda
Umugabo akurikirana ibikoko bitungiwe mu ruhongore rwa Kagera mu Rwanda, yishwe n'isatura (rhinocéros) yirabura yariko aramenyereza, niko itangazo ry'ishirahamwe ryitaho ivyo bikoko rivcuga.
Ishirahamwe African Parks ryavuze ko Krisztian Gyongyi, yishwe n'isatura mu ruhongore rwa Kagera mu Rwanda, ariko arakurikirana ibikoko.
Ntiryatanze insiguro zirambuye z'ingene uwo muntu yapfuye.
Uwurongoye ishirahamwe Africa Parks, Peter Fearnhead, yavuze ko Bwana Gyongyi ari we yarashoboye ibikogwa vyo kugarukana isatura yirabura mu ruhongore...ko yariko arigisha abakingira ibikoko ingene akazi kabo gakogwa".
Yavuze ko hagiye umuntu ahambaye cane cane ku bijanye n'igikogwa co gukingira amasatura muri Afrika.
Ayo masatura yashitse mu gihugu c'u Rwanda, avuye mu gihugu ca Afrika yepfo mu kwezi guheze.
Isatura yirabura iri mu bwoko bw'ibikoko bigeramiwe bishobora kuzimangana muri Afrika.
Gushika mu 2007, amasatura yirabura yose yo mu Rwanda yaramaze kwicwa n'abahiga bidaciye mu mategeko ibikoko vyo mw'ishamba.