Umwuga wa Taxi-vélo ngo uronona ibihimba vy'irondoka

Umwuga wo kwunguruza abantu mu buryo bwa Taxi-vélo ngo uronona ibihimba vy'irondoka naho ufasha abatari bake kwibeshaho.

Mw'itohoza riheruka gukogwa, uwo mwuga ngo utuma umugabo adasubira kubarukwa (gushukwa).

Umugwi w'abahinga bo mu gihugu ca Kenya bavuga ko basanze abatwara ikinga, igitsina cabo kidahagarara iyo bageze mu mabanga mpuzabitsina.

Umukenya Isaac Wamalwa ari muri abo bashakashatsi, avuga ko igitako bicarako kiri mu bitera izo ngorane, agasanga cohindugwa.

Abo bashakashatsi bavuga ko abakunze guhura n'izo ngorane, benshi ari abakiri bato gushika ku myaka 40.

Bwana Wamalwa avuga ko baba banyonga ikinga kuva ku masaha atandatu kugeza ku munani ku munsi.