Trump asabwa gutanga ivyo yavuganiyeko n'uwarongora FBI

Ahavuye isanamu, Reuters
Abakozi bo mu bucamanza bo ku rwego rwo hejuru basavye Prezida Donald Trump gutanga ivyafatiweko ikiganiro yagiranye na James Comey amukura ku burongozi bwa FBI.
Uwurongoye abakenguzamateka b'aba Démocrates Charles Schumer, yagabishije ko mu gihe ivyafatiweko ico kiganiro vyosibanganywa canke bigatabwa ko vyoba biteye kubiri n'amategeko.
Umukenguzamateka w'umu Républicain Lindsey Graham yavuze ko White House yashaka kumenya niba ivyo vyafatiweko ikiganiro biriho.
Ivyo bibaye inyuma yaho Bwana Trump arungikiye ubutumwa mu buryo bwa Twitter, asa naho atera ubwoba uwahora arongora FBI.
Yagabishije Bwana Comey mu ndwi iheze ko mu gihe yovugana n'ibigo vy'itangazamakuru ko "yizeye ko ata ma cassettes" yivyo bavuganye afise.

Ahavuye isanamu, TWITTER
Ibiro White House ntibirigera vyemeza canke ngo bihakane ko ayo ma "cassettes" yoba ariho.
Bwana Schumer yagabishije kandi ko abakenguzamateka b'aba Démocrates batazitaba amatora yo kwemeza umukuru mushasha wa FBI, igihe hatoba hagenywe umushikirizamanza ahambaye yotohoza ku bivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Aba Démocrates bagiriza Prezida Trump ko yirukanye Bwana Comey mu kurondera kuburagiza amatohoza FBI yarimwo.










