Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisirikare c'igihugu gihanganye n'inteko zagumutse muri Côte d'Ivoire
Urwamo rwinshi rw'amasasu rwumvikanye igihe igisirikare gishigikiye ubutegetsi muri Côte d'Ivoire cariko kigerageza gusubiza ibintu mu buryo mu bisagara binini bibiri vy'ico gihugu, inyuma y'iminsi ine abasirikare bahora mu migwi y'inyeshamba bagumutse kubera agahembo.
Abagumutse barashe mu micungararo y'ikirimba c'umukuru w'igihugu mu gisagara ca Abidjan, aho ubuzi n'amashule vyugaye.
Abasirikare b'igihugu bariko baja mu gisagara ca Bouake, cafashwe ku munsi wa Mungu n'abasirikare bagumutse basaba kurihwa udushirukabute twabo.
Abo basirikare nibo bagwanye bashira ku butegetsi umukuru w'igihugu Alassane Ouattara.
Ubutegetsi busigura ko igiciro ca cacao cakorotse, catumye budashobora kubishura amahera bwari bwarabemereye.
Umukuru w'ingabo Jenerali Sékou Touré yiyemeje kurangiza iyo migumuko.
Mw'itangazo yarungitse ku munsi wa Mungu, Jenerali Touré yavuze ko benshi mu bagumutse bumvise akamo yabateye ko guhagarika iyo migumuko.
Abasirikare b'igihugu bagomowe kubera hari bamwe mu bagumutse birengagije ako kamo, niko yavuze.