Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abasirikare ba Cote d'Ivoire bakomerekeje abanyagihugu
Akaguma mu kagwi k'abasirikare ba Cote d'Ivoire karakomeza aho abantu batari munsi ya batanu bakomeretse igihe abo basirikare bigumuye barasa mu bari mu myiyerekano mu muji wa Bouake.
Abantu batanguye gukorana biyamiriza umugumuko w'abasirikare wo kwishuza agashirukabute bemerewe batarahabwa, ivyatumye bugariza umuji wa Bouake, amagduka akirigwa yugaye.
Umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare yabwiye abo basirikare agumutse ko bashobora gufatirwa ibihano bikarishe hamwe bobandanya imigumuko.
Ku munsi wa gatanu abasirikare bagumutse mu miji itandukanye ya Cote d'Ivoire basaba leta igice gisigaye c'amafaranga agera ku madorari ibihumbi mirongo ibiri iyemereye umusirkare wese, mu kwezi kwa mbere, kugira babone guhagarika ako kaguma.