Ikibazo ca Trump na Comey kiracari urusobe

Mu kiganiro yahaye Fox news, perezida Donald Trump yavuze ko atifuza kuvuga ku bijanye n'ikibazo c'uko yoba yarafashe mu mpisho amajwi y'ikiganiro yagiranye na James Comey.

Habayemwo kuvuguruzanya hagati ya perezida Trump n'abagize umugwi w'ubuvugizi mu biro vyiwe.

Donald Trump ngo yoba yarigeze gusaba James Comey kumurahira ko azomuyoboka ariko ahakana kumurahira.

Mw'ibaruwa ryatanzwe rimenyesha ko James Comey yakuwe mu mabanga yiwe, hishimikijwe impanuro z'abarongozi b'urwego rw'ubushikirizamanza bukuru, Jeff Sessions n'icegera ciwe General Rod Rosenstein, bwana Trump yasubiyemwo incuro zitatu ko James Comey yari yamwijeje ko ata tohoza FBI iriko irakora ku migenderanire yiwe n'Uburusiya.

Kuri uyu wa gatanu, Donald Trump yavuze ko James Comey yari akwiye kubanza kwizera nimba ata kiganiro bagiranye Trump yoba yarafashe mu kinyegero, imbere ngo yo kuja 'kumena amabanga mu banyamakuru'.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, bwana Trump asa nuwashatse gukangira bwana Comey, amwihanangiriza kudaha abanyamakuru ivugwa ku migenderanire yiwe n' Uburusiya.

Amasaha make inyuma yaho, umunyamabanga mukuru w'umugwi ujejwe kumenyesha amakuru mu biro kwa Trump -White House Sean Spicer, bimunanira kwishura abanyamakuru nimba hari majwi afatwa mu mpisho muri ubwo buryo.

Abayobozi bo mu mugambe w'aba Democrates basavye ko yotanga ikopi y'amajwi yoba yarasfashe yose.

Donald Trump yivugiye ubwiwe ko yirukanye James Comey kubera atakora neza, avuga ko n'ubundi yari asanzwe agiye kumura n'ubwo atari kuba yabihanuwe.

Ariko ivyo vyari bihushanye n'amajambo yavuzwe n'imugwi wiwe wahuye n'abanyamakuru , cane cane bwana Rosenstein, azwi nk'umuntu w'ubwigenge n'ijambo, yari yemeje ko ata mvo za politike ziri inyuma y'iryo kurwa rya James Comey.

Kuri uyu wa gatanu niho bwana Trump yemera koko ko habaye kuvuguruzanya ku vyamenyeshejwe bijanye n'iryo kugwa rya James Comey, abicishije kuri Twitter.

Ariko rero yaciye yongerako ko ibiganiro vyahora bitangwa ku banyamakuru n'abari mu biro vyiwe vyohagarikwa, kubera ico yise urugero runini rw'inyifato y'abanyamakuru yo 'kumugwanya no kumwiyuka inabi'.

Kuri uyu wa gatandatu niho vyitezwe ko uwusubirira James Comey mu mabanga yo kurongora FBI atorwa.

Andrew McCabe, awuyoboye urwo rwego mu gihe c'infatakibanza ari muri bane bateganya gutorwa mwo ushobora gusubirira James Comey.