Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibura ry'igitoro ca esanse mu Burundi rirabandanya
Haribonekeza ubukene bw'igitoro co mu bwoko bwa 'essence' mu gisagara ca Bujumbura no bice bitandukanye vy'igihugu c'Uburundi.
Kuri uyu wa Mbere stasiyo imwe gusa ni yo yari ifise igitoro mu gisagara ca Bujumbura. Iryo bura ry'igitoro rimaze indwi zibiri, rimaze kugira ingaruka ku bidandazwa.
Aho bita kuri stasiyo« musée Vivant » mu gisagara ca Bujumbura, abagendesha imiduga, amapikipiki, na za Tuk Tuk isinzi bazindukiye ku mirongo miremire cane barindiriye kunywesha kuva mu gatondo ka kare.
Iyo station ni yo ifise igitoro yonyene mu gisagara. Kubera umunigano abajejwe umutekano basa n'abarengewe.
Bamwe mu batonze bari bafise utubido mu minwe kubera imiduga canke ipikipiki zabo zakamiye mu bibanza vya kure.
Iryo bura ry'igitoro rimaze indwi zibiri ryibonekeza mu gisagara no mu bindi bice bitandukanye vy'igihugu.
Umurindi w'imodoka zunguruza abaja hagati mu gihugu waragabanutse cane.
Eka ingaruka zimaze no kwibonekeza kubidandazwa bitandukanye.
Bamwe mu bavuganye na BBC mu badandaza ibirato, bavuga ko bibagora gushika aho barangura.
Ariko bene ama station na reta babona ugutandukanye inkomoko y'ico kibazo.
Abakidandaza bavuga ko biterwa n'uko ububasha bwo kwinjiza igitoro kiva hanze bufiswe n'umuntu umwe gusa.
Umushikiranganji ajejwe amsoko ntanga nguvu, Come Manirakiza, we asigura ko ingorane ihagaze ku bukene bw'amafaranga y'agaciro.