Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abarwanyi bashigikiwe na Amerika bugarije Islamic State
Amakuru ava muri Syria avuga ko abarwanyi bafashwe mu mugongo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bihaye intambwe mu rugamba barimwo na IS i Tabqa.
Urunani rw'abarwanyi b'Abakurde n'Abarabu ruzwi nka Syrian Democratic Forces, ruvuga ko rwafashe izindi komine zitandatu.
Bafashwa n'abasirikare kabuhariwe ba Amerika hamwe n'indege z'ingwano z'urunani rurongowe na Amerika nyene.
Tabqa wari umuji uhambaye cane kuri Islamic State, ukaba kandi uri gusa ku birometero mirongo itanu uvuye ku kirindiro cayo gikuru muri Syria, kiri mu muji wa Raqqa.