Trump yagirije Koreya ya ruguru gusuzugura Ubushinwa

Umukuru w'igihugu wa Amerika, Donald Trump, yagirije Koreya ya ruguru gusuzugura Ubushinwa, buyifashe mu mugongo, nyuma yo kugerageza ikindi gisasu.

Igisasu Korea ya ruguru yagerageje ni ikigira gatatu mu kiringo c'ukwezi kumwe gusa.

Mu nyandiko yacishije ku rubuga hwaniro, twitter, bwana Trump yakeje umukuru w'igihugu c'Ubushinwa, Xi Jinping

Abajejwe intwaro muri Amerika na Korea y'epfo bavuze ko igerageza riheruka ryavyaye ubusa, bavuga ko ico gisasu ca misire caciye gisambuga nyuma y'akanya gatoyi cane gitewe.

Kuwa gatanu, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Rex Tillerson, yagabishije akanama ka ONU kajejwe umutekano ko ingaruka zisohobora kuba mbi cane, nikananirwa gukemura igibazo c'ibisasu n'umugambi wa nucleaire wa Pyongyang.

Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire, Wang Yi, yasavye ko haba ibindi biganiro.