Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yagirije Koreya ya ruguru gusuzugura Ubushinwa
Umukuru w'igihugu wa Amerika, Donald Trump, yagirije Koreya ya ruguru gusuzugura Ubushinwa, buyifashe mu mugongo, nyuma yo kugerageza ikindi gisasu.
Igisasu Korea ya ruguru yagerageje ni ikigira gatatu mu kiringo c'ukwezi kumwe gusa.
Mu nyandiko yacishije ku rubuga hwaniro, twitter, bwana Trump yakeje umukuru w'igihugu c'Ubushinwa, Xi Jinping
Abajejwe intwaro muri Amerika na Korea y'epfo bavuze ko igerageza riheruka ryavyaye ubusa, bavuga ko ico gisasu ca misire caciye gisambuga nyuma y'akanya gatoyi cane gitewe.
Kuwa gatanu, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Rex Tillerson, yagabishije akanama ka ONU kajejwe umutekano ko ingaruka zisohobora kuba mbi cane, nikananirwa gukemura igibazo c'ibisasu n'umugambi wa nucleaire wa Pyongyang.
Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire, Wang Yi, yasavye ko haba ibindi biganiro.