Papa yibukije abakirisu kwitaho abakene

Ahavuye isanamu, AFP
Mu misa yo mu giteramo co mu gicugu ca Pasika, Papa yahamagariye abakirisu kutirengagiza ingorane abakene n'abimukira barimwo.
Yavuze ku mubababro uterwa n'ubukene, gucugwa bufuni na buhoro gukoregwa kiremwa muntu ku nyungu z'abandi, eka n'urudandzwa rw'abantu.

Ahavuye isanamu, AFP
Papa Francis yaraneguye cane ico yise 'imikorere y'abanyabiro ataco itanga kandi iburizamwo amahinduka ajana mu nzira nziza'

Ahavuye isanamu, AFP
Imisa ya Pasika yasomwe kandi mu masengero y'abalisirisu b'aba Coptes mu Misiri, aho umugwi Is wagavye ibitero mu ndwi iheze, hagapfa abantu 45.

Ahavuye isanamu, AFP
Amashurwe agera ku 30.000 yari asharije ikibanza citiriwe Petero mweranda.






