Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingabo za DR Congo FARDC ziregwa kwica abanyagihugu
Abasirikare ba Congo batungwa agatoke n'ugwero gwa ONU ko bishe abanyagihugu mu gace ka Kananga, hagati mu gihugu, bakabuza na MONUSCO ibikorwa vyayo.
Urwego rujejwe kugarura amahoro muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo rwemeza ko abasirikare b'ico gihugu batumbereje ibirwanisho ku banyagihugu barimwo abagore n'abana, bakicamwo benshi mu ndwi iheze.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riridoga ko abasirikare ba MONUSCO babujijwe n'ingabo za leta kurangura igikorwa cabo.
Ingabo za leta ya Congo ziri mu gikogwa co kugwanya abayoboke b'umugwi wiyitirira Kamwina Nsapu.
Ishirahamwe mpuzamakungu rirega umugwi wa Kamwina Nsapu ko wagavye ibitero ku nyubakwa za leta n'ibindi bikogwa vy'iterambere.