Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Hull City yirahiye umurwi SportPesa wa Kenya
Umurwi w'umupira w'amaguru Hull City wo mu gihugu c'Ubwongereza, waraye wirahiye SportPesa All Stars wo mu gihugu ca Kenya ku bitsindo 2-1, mu rukino rwa kivandimwe ku munsi wa Mungu rwabereye mu Bwongereza.
Igitsindo kimwe rudende c'umurwi SportPesa All Stars wa Kenya, cinjijwe n'umukinyi Humphrey Mieno hasigaye iminota mike ngo urukino rurangire.
Umurwi wa Kenya wahejeje urukino agashavu ari kose, mu gihe wari wemerewe agashirukabute ka US$ 11 000 iyo uramuka utsinze.
Igitsindo co mu gice ca kabiri, umukinyi Harun Shakava yiyinjije nico cabaciye inkokora, inyuma y'ikindi cari cinjiye mu gice ca mbere cinjijwe n'umutwe n'umukinyi Elliot Holmes wa Hull City ku munota wa 11.
Mu gihe umurwi Hull City wari usanzwe ufise urundi rukino mw'ihiganwa "Premier League" mu mpera z'ino ndwi, wari wakinishije abakinyi benshi badakunze gushigwa ku rutonde rw'abatangura.
All Stars waragerageje gusatira urugo rwa City ariko umunyezamu yaguma yarikanuye.
City iri mu kibanza ca 19, ikaba ishobora gukoroka ikava mu ihiganwa "Premier League" ryo mu mwaka uza, igihe itoba ibaye mu migwi 17 ya mbere.