Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inyuma y'ubukwe bwa $1 bakorewe ubwatwaye ibihumbi 35
Wilson na Ann Mutura bafashe ingingo yo kwubaka badakoze iminsi mikuru, kuko bari bamaze kwigizayo ubukwe bwabo incuro zibiri zose mu mwaka uheze, biturutse ku bukene.
Mu kwezi guheze bambikanye impeta, umusore Wilson yaguze amashiringi ijana ya Kenya, n'ukuvuga idorari rimwe, babona kubana batarinze guca mu minsi mikuru.
Ukwo gusezerana kwabo kwakwiye isi yose biciye ku mbuga nkoranyambaga, bituma abanya Kenya benshi bifuza kubafasha.
Kuri ubwo bukwe bwabo bwa mbere, bambaye impuzu zabo zisanzwe, uwo munsi wabo w'ubugeni, nta mutsima (cake/gateau) nta myambaro y'ubukwe canke amashurwe canke ibindi nk'ivyo vyo kwinezereza bashoboye kugura.