Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Cameroun yegukanye igikombe ca Afrika
Umurwi w'igihugu wa Cameroun watsinze urukino rwa nyuma (finale) rw'ihiganwa ry'ibihugu vya Afrika, AFCON, mu gutsinda Misiri ibitsindo bibiri kuri kimwe.
Igitsindo catumye uwo murwi utwara igikombe cinjiye ku munota wa 88.
Umurwi wa Misiri warumaze gutwara ico gikombe incuro indwi warasatiye Cameroun mu gice ca mbere.
Bubaye ubwa gatanu Cameroun itwara igikombe ca Afcon, ubuheruka hakaba hari mu 2002.