Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika ishobora kuvavanura na sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI)
Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika urashigikiye umugambi wotuma ibihugu vyose vya Afrika bivavanura na sentare mpuzamakungu mpanavyaha "Cour Pénale Internationale" (CPI).
Ibihugu vy'uwo muryango vyafashe iyo ngingo mu nama ikorewe mu mwiherero, bivuga ko iyo sentare ikunze gukurikirana abategetsi b'abanyafrika gusa. Iyo ngingo ikeneye kubanza kwemezwa n'amategeko.
Indongozi za Afrika zivuga ko bamwe mu bategetsi yakurikiranye barimwo Prezida Omar al-Bashir wa Sudani (ku bwicanyi bwakozwe muri Darfur) na Uhuru Kenyatta wa Kenya (yagirizwa guhimiriza abanyagihugu mu bwicanyi bwakozwe inyuma y'amatora).
Uwo mugambi wasavye ibihugu vya Afrika kubanza gukomeza inzego z'ubutungane zo mu gihugu hagati hamwe n'ukwagura amabanga ya sentare y'ubutungane n'agateka ka zina muntu ya Afrika "African Court of Justice and Human Rights".