Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ekleziya ya Congo: amasezerano ashobora gusambuka
Abungere ba Ekleziya Katorika bahawe igikorwa co kurongora ibiganiro hagati y'umugambwe uri ku butegetsi n'imigambwe bitavuga ruwme basavye bashimitse abanyepolitike kwumvikana bagashira mu ngiro amasezerano.
Abo basenyeri bavuze ko batiteguye kubandanya barongora ibiganiro ataho bishika, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Thomas Fessy yabishikirijwe.
Bavuga ko abarondera kwumvikana batokwibagira intego nkuru-ukuringaniza amatora imbere y'impera y'umwaka uza ariko imbere yaho Prezida Joseph Kabila asabwa kugena umushikiranganji wa mbere mushasha imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ivuga ko yokwihitiramwo.
Ikindi ni uko umurwi ujejwe gukurikirana ivy'itunganya ry'amatora utegekanywa muri ayo masezerano utarashingwa.
Abakurikiranira hafi ingorane ziri muri Congo bafise amakenga ko Bwana Kabila ashobora kutubahiriza amasezerano canke agateba kuyashirisha mu ngiro, bigatuma igihugu cinjira mu rundi ruhagarara rwa politike.