Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo: 50 bapfuye kubera imyizure
Imvura y'isegenya yatumye amazi y'uruzi Kalamu ruca mu gisagara ca Boma arenga inkombe ku musi wa kabiri.
Ibisigarira vy'abahitanywe n'iyo mvura vyaruhukiye mu gihugu kibanyi ca Angola, bisunitswe n'amazi, niko buramatari waho yavuze.
Abanyagihugu bo murako gace bavuze ko hari uduce tw'igisagara twamizwe dufukwa n'ivyondo kugera ku metero imwe.
"Bino vyama biba uko imyaka cumi iheze. Vyaheruka gushika mu kwezi kwa mbere 2015 ariko bitewe nuko ibihe vyahindutse birasubiye kuba mu kwezi kwa cumi na kabiri 2016,"buramatari Jacques Mbadu w'intara Province Centrale du Congo niko yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Amazi yageze ku metero zibiri uravye aho yahora ashika, niko yabandanije avuga.
Imyuzure ikaze, impeshi hamwe n'imvura y'isegenya vyitezwe kwiyongera muri Afrika kubera ihindagurika ry'ibihe.